Bamwe mu baguzi n’abadandaza amakara mu gisagara ca Bujumbura baratewe umutima uhagaze n’ukuzimba kw’ico kidandazwa
Umwe murabo badandanza avuga ko igice c’umufuko cavuye ku mafaranga 35000 kija ku mafaranga arihagati y’ibihumbi 60000 na 80000. Ivyo bikaba biterwa n’ikena ry’ibitoro vyo mu bwoko bw’amazutu rimaze imisi ryibonekeza hamwe n’ibiti baca hanyuma ntibabisubirize.
Mu kiganiro yakoranye n’insamirizi Indundi Culture kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero 2025, umwe mu baguzi b’amakara avugako yazimvye cane aho mu mezi abiri gusa akadobo kahora kagurwa amafaranga 1500 kagiye ku mafaranga ari hagati y’2000 na 3000 mu gihe naho nyene aba yabonetse.
Abandanya amenyesha ko bibagora gukinjika kuko usanga amakara uba waguze adakwira ibifungurwa uba wateguye. Asaba abajejwe gufata ingingo mu bushikiranganji bw’ubudandaji no mw’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO gukora uko bashoboye kugira ico kibazo gikemugwe.
Ico kibazo kikaba cari carashikirijwe mu nama nkenguzamateka muri Gitugutu mu mwaka uheze wa 2024 umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ibidukijije Prosper Dodico yamenyesheje ko hari intara zigiye guterwamwo ibiti kugira ico kibazo c’ikena n’izimba ry’amakara kigabanuke.
Mu cegeranyo cashizwe ahabona n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu mu mwaka wa 2020 bwerekanyeko mu Burundi ibice 95% vy’imiryango arivyo bikoresha amakara.