
Hemejwe itegeko ribuza abana gukoresha imbuga ngurukanabumenyi
Ubufaransa bwabaye igihugu ca mbere ku mugabane wa Buraya gishizeho itegeko ribuza abana bari munsi y’imyaka 15 gukoresha imbuga ngurukanabumenyi . Iryo tegeko ryemejwe n’inama Nshingamateka na Nkenguzamateka rikazotangura gukurikizwa guhera muri Nzero 2027. Iryo tegeko ritegekanya ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwemeza imyaka yiwe imbere yo kugurura canke kubandanya gukoresha ikonti yiwe […]










