BurundihomepageKirundiSport

Amadorari 90.000$ niyo mafaranga FFB yahawe na 1xbet

Amafaranga angana n’ibihumbi mirongo icenda vy’amadorari ya Amerika niyo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB yahawe n’ishirahamwe 1xbet. 

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryagiraniye amasezerano y’umwaka n’ishirahamwe ryo gutigira rya Advanced Group ( 1Xbet Burundi) .

Ivyo bikaba vyabaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30 Nyakanga 2025 ku Biro vy’ishirahmwe Advanced Group riri muri zone Rohero mu Gisagara ca Bujumbura.

Ishirahamwe Advanced Group rikaba ryahaye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB amadorari angana n’ibihumbi mirongo icenda (90.000$) ku bwayo masezerano azomara ikiringo c’umwaka.

Ivyo bikaba vyabaye mu ntumbero yo guteza imbere umupira w’amaguru wa habo iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE