BurundihomepageKirundiSante

Hakeneye abarenga ibihumbi bitatu banonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo

Hahimbazwa mu Burundi kuri uyu wa 9 rusama 2026, umusi mpuzamakungu wahariwe abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo “sages femmes”. Emelyne IYIZIRE arongoye ishirahamwe ry’abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo yamenyeshejeko gushika uno mwaka w’2026 hakenewe mu Burundi abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo ibihumbi bitatu n’amajana atatu na babiri.

Uyu musi reta yarahaye akazi abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo mu mavuriro y’amakomine. Abagera ku majana atanu nibo bari ku mirimo ku bihumbi bitatu n’amajana umunani bakenewe hisunzwe ihangiro rya 12 ry’imbonakazoza y’Uburundi y’2040 n’2060.

Kubwa Emelyne IYIZIRE arongoye ANASAF, abahari baracari bake mu gihe kwongereza abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo ari kugabanya impfu gushika ku bice 67% ku bavyeyi no gushika ku bice 64% ku bana nakare isi yipfuza ko abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo biyongerako umuriyoni umwe nk’uko icivugo c’uno mwaka kivuga.

Uburundi buri mu bihugu vya mbere bifise ibiharuro vyinshi vy’abavyeyi n’ibibondo bitaba imana mu gihe c’ukwibaruka n’ubwo urugero rw’impfu rwagabanutse hisunzwe itohoza ry’ubushikirangi bw’amagara y’abantu riheruka ryerekanye ko ku bavyeyi ibihumbi 100 bibarutse 289 muribo barapfa.

Emelyne IYIZIRE agasaba reta gushira mu migambi yayo kubaha akazi buri mwaka.

Mu bigihanze abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo bari ku mirimo nk’uko Emelyne IYIZIRE arongoye ANASAF abivuga, harimwo agashahara gato, ingorane zo kwiyunguruza aho bagenda ibirometero vyinshi mu misozi baja ku mirimo no gukarihirizwa ubwenge no kurungikwa kunonosora amashure gushika kurwego rwo hejuru mu bumenyi (PhD), kutagira urwego rw’igihugu ry’abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo”sages femmes”. Akaba ariko ashimira reta n’abafata mu mugongo ibikorwa vyabo.

Emmanuel NIZIGIYIMANA yaserukiye umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ivyo birori avuga ko reta y’Uburundi yemera ko abanonosoye ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo ari kirumara mu gisata c’amagara y’abantu mu kugabanya z’impfu z’abavyeyi n’ibibondo, ko bakora batorohewe haba mu bijanye n’ibikoresho n’agahimbazamusyi, n’inyigisho. Akaba yamenyeshe ko reta y’Uburundi yiyemeje gukorera kuri ivyo bibazo kugira ngo ntihagire umuvyeyi asubira kwitaba Imana canke ngo umwana abure ubuvuzi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE