homepageKirundisécurité

Ni iki cokwitegwa ku nama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe NATO

Abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe NATO bahuriye i Ankara, umurwa mukuru wa Tirikiya kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 7 Mukakaro 2026, mu nama ikomeye yo kwihweza ibibazo vy’umutekano, ingene bofasha Ukraine hamwe n’ingene iryo shirahamwe ryokwitegurira ingorane nshasha z’umutekano kw’isi.

NATO ikoraniye i Ankara mu gihe intambara ya Ukraine n’Uburusiya ibandanya, aho ibihugu bitari bike bigumana impungenge ku ngaruka mbi ku mutekano mpuzamakungu. Harindiriwe ingingo nshasha zipfundikwa muri iyo nama.

Abakuru ba NATO bariko baraganira ku buryo bwo gukomeza ubushobozi bwo kwikingira ibitero, kwongera ubushobozi bw’ingabo no gushimangira ubumwe bw’ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Umukuru w’Igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yitabiriye iyo nama aho asaba ibihugu bifasha Ukraine gukomeza imfashanyo, cane cane mu bijanye no kwikingira ibitero vyo mu kirere no gukomeza ubushobozi bw’igihugu ciwe bwo guhangana n’iyo ntambara.

Ku rundi ruhande, iyi nama ya NATO iriko irakurikiranwa cane n’isi yose kuko ingingo zizoyivamwo zishobora kugira ingaruka ku ntambara ya Ukraine, ku migenderanire hagati y’Uburusiya n’ibihugu vya Buraya, hamwe no ku mutekano w’isi yose muri rusangi.

Mu gihe abakuru b’ibihugu bakoraniye i Ankara, isi irindiriye kumenya ingingo zizofatwa hamwe n’uruhara zizogira mu kurondera amahoro no kugabanya imigwi igwana iguma yiyongera kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE