Abarimyi bo ku mutumba Gakumbu, ni muri zone Rukaramu, komine Ntahangwa intara ya Bujumbura bavuga ko badashimishwa n’uko igikorwa co gusubizwa amafaranga yabo bari barihiye ifumbire kiriko kiragenda mu ma banki amwamwe kuko baguma basubizwa inyuma kandi baba bafise ubutike bari bararihiyeko. Ivyo rero bashikiriza ngo biriko bituma bajuragirika kuko babwirwa ko bogaruka ku wundi munsi nk’uko umukuru w’umutumba Gakumbu abivuga afatiye ku vyo abo barimyi bamushikiriza.
“Twebwe turi mu basinya gusa kuri izi vaucher zerekana ko umurimyi ndamuzi kuko ndamusinyira mbonye ko irya coupon ko ari iyacu, aho rero duca tubarungika mu ma banki barihiyemwo. Ariko bashitseyo ngo ntibariko boroherwa kuko barabasubiza inyuma ngo baje kuyatorera mu ma biro makuru nka CCEM, nta n’umwe arayaronka urumva ko ari ukubajuragiza “.
Uwu mukenyezi wo ku mutumba Rukaramu ya 1 we yemeza ko yayahawe ku munsi wa 1 wo kuyatanga kuko ibanki we yarihiyemwo yari yashitse aho kuri uwo mutumba.
“Amafaranga barayaduhaye nta buryarya bwabayemwo twebwe twayatoreye ku ngoro y’umutumba wa Rukaramu ya 1“.
N’aho biri uko, abo barimyi bavuga ko bitabanezereye ko bayasubijwe kuko ku bwabo bari bakenewe guhabwa ifumbire nk’uko uno abivuga:
“Vyaraduteye ikibazo cane kuko twari dukeneye ifumbire none turayibuze uca wumva ko atamwimbu tuzoronka”
Kubera ko hari abaja kwakira ayo mafaranga mu mabanki barihiyemwo ntibayahabwe, uwurongoye umutumba Gakungwe, Juvenal Nzoyisaba asaba ko reta yo irongoye ayo mabanki yofasha kugira ico gikorwa kigende neza.
“Je nosaba ko reta yohimiriza ayo ma banki kuko ni yo iyajejwe kugira na ca kiringo kizoherana no ku munsi wa 5 kizohere abanyagihugu bashoboye guhabwa ivyabo.”
Kugira umurimyi ashobore gusubizwa amafaranga yari yararishe asabwa kwerekana agapapuro bita coupon hamwe n’agatike bita vaucher yahawe ku mutumba igihe ca rusansuma yo mu 2025 kerekana ifumbire yategerezwa kuriha, iyo yahawe n’iyo atahawe, hamwe na karangamuntu yiwe nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe kuwa 16 gitugutu uno mwaka n’ubushikiranganji mu
vyo bujejwe harimwo uburimyi .
























