BurundiCommercehomepageKirundi

Urudandazwa rwa magendo ntirurahebwa gukorwa mu Burundi

Urwo rudandazwa ruvugwa rujanye n’urudandazwa ry’abantu, urudandazwa ry’ibiyayura mutwe, ubusuma bw’imiduga hamwe n’impapuro za magendo tutibagiye urudandazwa ry’imiti itemewe canke yataye igihe, biracakorwa mu ntara zimwe zimwe.

Ivyo vyashikirijwe n’icegera c’umugenduzi mukuru w’igipolisi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bujumbura kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 23 Gitugutu 2026. Général Major de Police Emmanuel NDAYIZIGA avuga ko inzego z’umutekano zakoreye cane cane ku mbibe z’igihugu, ku mabarabara makuru makuru, mu masoko, mu nzu z’ingenzi n’ahandi.

Nk’ibijanye n’urudandazwa ruciye mu kinywabi n’idandazwa r’imiti ritemewe n’amategeko canke iyataye igihe, ico cegera c’uwo mugenduzi amenyesha ko nk’ukurwanya ibifungurwa vyataye igihe, amalitiro 4183 hamwe n’amakarato 120 y’inzoga zitemewe n’amategeko zihingurwa mu gihugu vyasheshwe mu ntara za Burunga na Butanyerera. Nayo amakarato 2550 n’uducupa 110 tw’imiti yataye igihe vyarafatiwe mu ntara za Buhumuza , Bujumbura na Gitega. Ibitenge 144 bitarishe amakori navyo vyarafatiwe mu ntara ya Buhumuza.

Emmanuel NDAYIZIGA amenyesha ko ivyo vyose bifise agaciro k’amafaranga y’abanyamerika agera ku bihumbi 23.522,24. Kuri urwo rudandazwa rwo mu kinywabi, abantu 43 bakaba barahagaritwe nayo ama dosiye 31 yaruguruwe.

Ku vyerekeye urudandazwa no kunywa ibiyayura mutwe, uwo mutegetsi amenyesha ko ibiro 361,5 vy’urumogi vyafatiwe mu ntara 2 arizo Bujumbura na Burunga. Abantu 3 baciye bahagarikwa. Mw’ishamba cimeza rya Ruvubu mu ntara ya Gitega, umurima w’urumogi ungana na hegitari ibihumbi 15 wararanduwe. Agaciro k’urwo rumogi kakaba kangana n’amadorari ibihumbi 60 235.

Ku vyerekeye urudandazwa rw’abantu, abana babiri batarakwiza imyaka 17 barafatiwe mu ntara ya Burunga bagiye gukoreshwa mu mirima mu gihugu ca Tanzaniya. Ico cegera c’umugenduzi mukuru w’igiporisi avuga kandi ko hari ubugizi bwa nabi bwo gutema ibiti vy’imikaratusi buriko buribonekeza, ariko yemeza ko abakora ivyo amatohoza abandanya kugira bafatwe hama bahanwe. Général Major de Police Emmanuel NDAYIZIGA ahamagarira abanyagihugu kumera magabo ntibabandanye bihereza ibisinzikaza amagara y’abantu kuko bibandanya vyibonekeza ku masoko. Nayo igiporisi n’abajejwe intwaro abasaba kubandanya batuza urwo rudandazwa, ariko hisunzwe amategeko.

Uwo mugambi ukaba ugamije kurwanya ubugizi bwa nabi ndengambibe hamwe n’imirwi y’iterabwoba kw’isi, na canecane mu karere k’ibihugu vy’ubuseruko bwa Afirica (EAPCCO) no mu karere k’ibihugu vy’ubumanuko bwa Afirika (SARPCCO). Ivyo bikaba vyapfundikiwe mu nama y’abakuru b’igiporisi bo muri ivyo bihugu bashinzwe igikorwa c’umutekano ciswe “USALAMA” yabaye mu mwaka w’i 2012. Uwo mugambi ukaba urangurwa buri mwaka,ukabera icarimwe muri ivyo bihugu. Uyu mwaka w,i 2026, igikorwa ca ”USALAMA’‘ carabaye ku ncuro igira 12, kikaba cabereye rimwe mu Burundi no mu bihugu 26 bigize uwo murwi kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika ku rya 9 Gitugutu uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE