BurundihomepageKirundiSante

Burima: abakenyezi baridoga ko barihishwa amafaranga bagiye kwibaruka

Abakenyezi bo ku mutumba Burima bidoga ko iyo bagiye kwibarukira ku bitaro bitandukanye barihishwa amafaranga kandi bazi ko itegeko ryo kwibaruka ku buntu ritarahinduka.

Umwe muri abo bakenyezi yaganiriye n’insamirizi Indundi Culture kuri uno wa gatanu, igenekerezorya12 Ruheshi 2026, yagize ati: “Naragiye nyene nk’uko tumenyereye tugenda kwa muganga, nshitse nasanze ibintu vyarahindutse banyaka amafaranga ibihumbi 200 y’imiti, kubera ata mahera nari mfise nagwatirije ibintu.”

Uno mukenyezi asigura ko yagiye n’ukuvuza umwana wiwe ari musi y’imyaka itanu akakwa amafaranga kugira aronswe imiti: “ngitangura kuvuga uko umwana amerewe muganga yambwiye ati uraba wazanye amahera yo kugura imiti nta miti y’abana tugitanga. Naciye ndamubwira nti ntaco nyandikira kuko umwana wanje yari aremvye. Umuti baduha kwa muganga muri Reta ni paracétamol gusa iyisigaye ntayo baguha”.

Abo bakenyezi bafise impungenge ko mu gihe vyoguma uku ko hari abavyeyi bashobora kuhasiga ubuzima kubera babuze uburyo bwo gutanga kugira bakirwe.

Ushitse uza wumva ngo tanga ibihumbi 11 ntayo wari ufise ico wumva atari ikibazo kuko ntavyo uba witeguriye uba uzi ko bakwakira  hama ukitahira.”

Abo bakenyezi basaba ko nimba itegeko ry’uko abavyeyi bibaruka ku buntu no kuvura ku buntu abana badashikana imyaka 5 ritakijanye n’igihe babimenyeshwe: “dushaka kumenya ko vyahagaze”.

Kino kibazo kiri mu vyagarutsweko mu kiganiro c’urwego nshingwabikorwa rwa Reta abamenyesha makuru n’abanyagihugu cabereye mu ntara ya Gitega kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 11 Ruheshi 2026. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Fidèle Nkezabahizi yishuye agir’ati: “hamwe twosanga ari ivuriro ridakurikiza iyo ngingo twoheza tugafata ingingo ibereye ariko gushika uno musi ibitaro vyose birakurikiza iyo ngingo”.

Itegeko ryo kuwa 16 Ruheshi 2006 ryasubiwemwo ku wa 16 ntwarante mu 2010 risubiramwo amafaranga ya Reta ashirwa mu gisata co kuvuza abana bari musi y’imyaka 5 n’abakenyezi bibungenze mu mavuriro ya Reta hamwe n’ayakorana na Reta, gushika ubu akaba ata rindi tegeko ririsubirira rirashirwaho.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE