BurundiEducationhomepageKirundi

Abayobozi b’amashure baragabishwa ku mafaranga basaba abavyeyi mu gihe c’iyandikwa ry’abanyeshure

Ubuyobozi bw’intara ya Bujumbura buragabisha abayobozi b’amashure ku bijanye n’amafaranga basaba abavyeyi mu gihe co kwandikisha abana.

Hisunzwe urwandiko N°620.4/DPE.BJ/RA/01/581/2026 rwo muri Myandagaro 2026, Ubuyobozi bw’Intara ya Bujumbura buramenyesha abavyeyi, abigisha n’abayobozi b’amashure ko abana binjiye mu mwaka wa mbere w’amashure y’intango batarihishwa amafaranga yo kwiyandikisha. Kwiyandikisha ni ku buntu.

Birabujijwe gusaba abavyeyi amafaranga yitwa “ay’intebe” canke ayandi mafaranga ayo ari yo yose asabwa kugira umwana yemererwe kwinjira mw’ishure. Umwana ntakwiye kubuzwa kwiga kubera ko umuvyeyi atatanze amafaranga asabwe mu buryo butemewe. Abana bunguruzwa bimukiye mu rindi shure nabo nyene ntibazosubira kwandikwa.

Umwana wese yatsinze akunguruzwa ntasabwa kwiyandikisha bushasha. Agumana ikibanza ciwe mw’ishure yigiyemwo mu mwaka w’amashure wa 2025–2026.

Umuyobozi w’ishure wese azorenga kuri aya mabwirizwa azofatirwa ibihano bitegekanijwe n’amategeko. Abavyeyi na bo barasabwa kuba maso. Nimba hari uwubasaba amafaranga atemewe kugira umwana yandikwe canke yemererwe kwiga, basabwa kubimenyesha ubuyobozi bw’ishure canke umujanama w’indero wo mu makomine bavamwo.

Kazoza k’abana ni kazoza k’igihugu. Reka dufatanye. Kurwanya amafaranga asabwa mu buryo butemewe mu mashure, kugira abana bose baronke akaryo ko kwiga ata nkomyi. Kwiga ni uburenganzira bwa buri mwana wese!

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE