Ishirahamwe Wanaw Sport Wear ryo muri Ethiopiya risanzwe ryambika imigwi nserukira bihugu itandukanye harimwo n’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ryasubiriye kwizerwa gusubira gukorana n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB).
Iryo shirahamwe Wanaw sport wear ryo muri Ethiopiya ryongewe iyindi imyaka ibiri yo kwambika umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba .
Nk’uko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ( FFB ) Elysée Niyubahwe yabishikirije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2.9.2026 n’uko icambere catumye basubira gukorana na Wanaw sport wear aruko bashimye Imyambaro yabo , ubwa kabiri n’uko habaye umwumvikano hagati ya FFB n’iryo shirahamwe bigasigura ko imigenderanire yari myiza cane , mugihe ica gatatu aruko Imyambaro yaryo izimbutse , arongera akavuga ko ica kane Imyambaro yaryo iva hafi na cane cane ko hari n’ indege iva muri Ethiopiya ikaza i Bujumbura mu Burundi ibica bituma Imyambaro ishika hakiri kare .
Ayo masezerano akaba yashizweko umukono n’uwusanzwe arongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Muyenge Alexandre hamwe n’uwarongoye iryo shirahamwe ariwe Abtesassie G/ Kritos.
Iryo Shirahamwe Wanaw Sport Wear ryambika n’iyindi migwi nserukira gihugu harimwo umugwi nserukira gihugu wa Liberia .

























