Urubanza rw’umunyaporitike Agathon Rwasa, yahoze arongoye umugambwe CNL, rwari rwitezwe kuri uyu wa 16 Mukakaro 2026, rwungururijwe na sentare Ntahinyuzwa mu kwezi kwa Nyakanga.
Nk’uko vyari bitegekanijwe, kuri uyu wa kane ni ho urubanza rwari gusubira kwumvirizwa, ariko sentare yafashe ingingo yo kurwngururiza mu kwezi kwa Nyakanga 2026. Vyavuzwe ko imwe mu mpamvu yatumye urwo rubanza rwunguruzwa ari uko uruhande rumwe mu baburanyi rutashoboye kwitaba urubanza.
Abari baherekeje Agathon Rwasa bavuga ko biteze ko urwo rubanza ruzobandanya mu kiringo gishasha catanzwe na sentare.
Iyi dosiye imaze imyaka irenga ibiri ikurikiranwa mu butungane, ikaba yatanguye inyuma y’aho Agathon Rwasa yitwaye mu mategeko ku bijanye n’ubuyobozi bw’umugambwe CNL. Yagiriza ko uburongozi bushasha bw’uwo mugambwe, burongowe na Nestor Girukwishaka, bwashinzwe hadakurikijwe amategeko ngenderwako y’umugambwe.
Urubanza ruracari mu nzira zo kwumvirizwa, mu gihe impande zibiri zitegereje ingingo ya nyuma izofatwa n’ubutungane.
























