Etiyopiya yemejwe ngo izokwakire inama igira 32 ku vyerekeye ihindagurika ry’ikirere, izoba mu mwaka wa 2027. Iyi nkuru ije inyuma y’imisi mike hasozerewe inama nk'iyi nyene COP30 I Belém muri Bresil, aho yaranzwe…
Abanyeshure barenga 1700 nibo bakoze ikibazo co kwiga mu bisata vy'akarorero mu makaminuza atandukanye ari mu Burundi. Vyashikirijwe n'umushikiranganji w'indero n'ubushakashatsi François Havyarimana kuri…
Imvura ivanze n'igihuhusi yaguye ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 5 Munyonyo 2025, yasize amazi ajererenga mu makaritiye amwe amwe y'igisagara ca Bujumbura. Amakaritiye ari muyakozweko n'iyo…
Iyo ubworozi bw'imbata bukozwe neza buratuma haboneka kare inyungu nk'uko bamwe mu bazororeye mu ntara ya Bujumbura babivuga. Imbata ziri mu bitungwa biguruka bidakunze guterwa n'ingwara. Urbain kwizera ni…
Umunyeshure umwe yaritavye Imana abandi 24 barakomereka, ibisenge vy'ibirasi 13 navyo birasambuka ku muhingamo wo kuwa mbere, igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025 mu ntara ya Butanyerere. Ivyo bikaba vyabaye biturutse ku…
Steven Ebuela umukinyi w’inyuma w’umugwi AL Hilal wo mu gihugu ca Sudani yahawe ubwenegihugu bwo muri ico gihugu inyuma yo kwanka gukinira umugwi nserukiragihugu intamba mu rugamba adahawe ivyo yasavye. Uwo mukinyi yavukiye…
Inyuma yo gusezererwa mu nkino z’imigwi yatwaye ihiganwa mu bihugu vyayo (CAF Champions League) n’umugwi Al Ahly wo muri Misiri aho urukino rwa mbere batsinzwe 1-0, urwa kabiri batsindwa ikindi gitsindo 1-0, uburongozi bw’uwo…
Ubu mu ntara zimwe zimwe hari aho umurwayi yirihira rusehabaniha nk'uko abashingamateka babimenyesheje umushikiranganji w'amagara y'abantu muri ino indwi. Umushingamateka Denise Ndadaye asaba ko ivyo kuriha…
Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugiye gukina inkino 2 za gicuti n’imigwi nserukira gihugu ibiri gushika muri kano kanya itaramenyekana. Atagihindutse izo nkino zishobora kubera i Bujumbura ku kibuga…
Urwego rujejwe indero muri FIFA rwasanze umusatirizi w'Intamba mu Rugamba, Bonfils Caleb Bimenyimana, yakoze ikosa rikomeye mu rukino rwo guhiganirwa itike y'igikombe c'isi 2026 rwahuje Uburundi na Kenya.…
Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umugwi wa Aigle Noir na Al Ahly kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2025 bihejeje kugabanuka. Mu bibanza bisanzwe vyavuye ku bihumbi cumi ( 10.000 FBu), bija ku…
Inyuma yo kumara imisi itari mike arwarirye mu bitaro vyo mu gihugu c'Ubuhindi RailaOdinga yahoze ari Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Kenya yitavye Imana ku myaka 80 y'amavuka. Urupfu rwiwe rutangajwe mu…
Kenny Claude Nduwimana na Didier Ndihokubwayo barengutse imbere ya sentare mu mwambaro w'icatsi kibisi , umwa mbaro w'abanyororo. Kenny Claude yarengutse imbere ya sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura inyuma…
Mu nkuka ya misa yo gusabira umuganwa Rudoviko Rwagasore, incungu y'ukwikukira kw'Uburundi yabereye muri cathédrale Regina Mundi mu gisagara ca Bujumbura kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Gitugutu 2025, aho…
Jean Noël Nshimirimana arongoye ihinguriro Superbat mu Burundi amenyesha ko hagiye gutangwa umutonore w'imodoka ku muririmvyi azoba yakoze neza gusumba abandi. Yabimenyesheje mu kiganiro ku banditsi…
Ivyo bisanzwe bikorwa uko umwaka utashe n'ishirahamwe Fondation Pax Burundi risanzwe ritunganya iryo higanwa ryitiriwe incungu (Coupe des Héros) muri basketball. Ni incuro igira 8 batunganije iryo higanwa rizotangura…
Umuririmvyikazi Khailla Keza ni umwanditsi w’indirimbo «Ayi we» ubona ko iriko iravyifatamwo neza ku rubuga rwa youtube. Iyo mvukira yo muri karitiye Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura asaba abakunzi biwe ko boguma…
Umwigeme wo muri zone Murima ku gacimbiri Nyakararo muri komine ya Kayanza ari mu bitaro akitswe n'amagara inyuma y'aho ku musi wa mungu uheze igenekerezo rya 5 gitugutu 2025 yavyaye umwana aca aramuniga maze…
Iryo higanwa rikaba ryatanguye kw'igenekerezo rya 5 Gitugutu 2025 ririko ribera mu Burundi ku rwego mpuzamakungu mu kunyonga amakinga mu muce w'abigeme. Ihiganwa rikaba ryatanguriye muri komine Cankuzo mu Ntara ya…
Romeo Vancy Mabanza ni umukinyi mushasha asanzwe afise amamuko mu gihugu kibanyi ca Congo Brazzaville. Uwo mukinyi akaba yatumweko mu mugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba ku ncuro yiwe ya mbere. Vancy asanzwe akina mu…
Welcome, Login to your account.
Welcome, Create your new account
A password will be e-mailed to you.